ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ninamara kubavunira inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+, abagore cumi bazokwotsa koko umukate wanyu mw’ifuru imwe itarenga, bawubagarukanire ku gipimo+; kandi kurya muzorya mugabo ntimuzohaga+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:53
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 53 Maze uzobwirizwa kurya icamwa c’inda yawe, inyama z’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ Yehova Imana yawe yaguhaye, bitewe n’ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:63
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 63 “Kandi nk’uko nyene Yehova yahimbawe no kubakorera ivyiza no kubagwiza+, ni ko Yehova azohimbarwa no kubarandura no kubazimanganya+; muzorandurwa ku butaka mugiye kwigarurira+.

  • Ezekiyeli 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+,

  • Ezekiyeli 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘“Ni co gituma ba se bazorya abana babo hagati muri wewe+, abana na bo barye ba se, kandi nzoshitsa imanza muri wewe, igisigarira cawe cose ndagisanzarize mu miyaga yose+.”’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika