2 Yerobowamu abwira rero umugore wiwe ati: “Ndakwinginze uhaguruke, wiyoberanye+ kugira ngo ntibamenye yuko uri umugore wa Yerobowamu, maze uje i Shilo. Ehe, aho ni ho Ahiya+ umuhanuzi ari. Ni we yavuze ku binyerekeye ivy’ukuba umwami w’aba bantu+.
11 Yehoshafati aca avuga+ ati: “Mbega nta muhanuzi wa Yehova ari ng’aha+? Dusiguze Yehova rero biciye kuri we+.” Nuko umwe mu basuku b’umwami wa Isirayeli yishura ati: “Ng’aha hariho Elisha+ mwene Shafati, uwasuka amazi ku maboko ya Eliya+.”
13 “Gende munsigurize+ Yehova, twe n’abantu na Yuda yose, ku vyerekeye amajambo yo muri iki gitabu cubuwe; kuko ubushangashirwe bwa Yehova+ bwatururumbiye ari bwinshi kubera ba sogokuruza bacu+ batumvirije amajambo yo muri iki gitabu ngo bakore bisunze ibintu vyose vyanditswe ku bitwerekeye+.”