ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 25:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Nuko abana bari mu nda yiwe batangura kunyinyana+, ku buryo avuga ati: “Nimba uku ari ko biri, none mbereyeho iki?” Aca aja gusiguza Yehova+.

  • 1 Abami 14:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yerobowamu abwira rero umugore wiwe ati: “Ndakwinginze uhaguruke, wiyoberanye+ kugira ngo ntibamenye yuko uri umugore wa Yerobowamu, maze uje i Shilo. Ehe, aho ni ho Ahiya+ umuhanuzi ari. Ni we yavuze ku binyerekeye ivy’ukuba umwami w’aba bantu+.

  • 2 Abami 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yehoshafati aca avuga+ ati: “Mbega nta muhanuzi wa Yehova ari ng’aha+? Dusiguze Yehova rero biciye kuri we+.” Nuko umwe mu basuku b’umwami wa Isirayeli yishura ati: “Ng’aha hariho Elisha+ mwene Shafati, uwasuka amazi ku maboko ya Eliya+.”

  • 2 Abami 22:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Gende munsigurize+ Yehova, twe n’abantu na Yuda yose, ku vyerekeye amajambo yo muri iki gitabu cubuwe; kuko ubushangashirwe bwa Yehova+ bwatururumbiye ari bwinshi kubera ba sogokuruza bacu+ batumvirije amajambo yo muri iki gitabu ngo bakore bisunze ibintu vyose vyanditswe ku bitwerekeye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika