ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 1:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Manase+ ntiyigarurira Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, mugabo Abanyakanani baragagaza babandanya kuba muri ico gihugu+.

  • Abacamanza 5:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Abami baje, bararwana;

      Ni ho abami ba Kanani barwanira+

      I Tayanaki+, iruhande y’amazi y’i Megido+.

      Nta nyungu y’ifeza batwaye+.

  • 1 Abami 4:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Bayana mwene Ahiludi: i Tayanaki+ n’i Megido+ n’i Beti-sheyani+ hose, ahari iruhande ya Zaretani+ munsi ya Yezireyeli+, kuva i Beti-sheyani gushika i Abeli-mehola+, gushika mu karere ka Yokimeyamu+;

  • 2 Abami 9:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Nuko Ahaziya+ umwami wa Yuda ubwiwe arabibona maze ahunga aciye mu nzira yari iruhande y’umurima munini*+. (Mu nyuma Yehu atangura kumukurikira hanyuma avuga ati: “Na we nyene, nimumurase!” Nuko baramurasa mu gihe yari mu mukogote aduga i Guri, ahari iruhande ya Ibuleyamu+. Abandanya guhunga yerekeje i Megido+ araheza apfirayo+.

  • 2 Abami 23:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Nuko abasuku biwe bamutwara yapfuye mu mukogote bamukuye i Megido, bamuzana i Yeruzalemu+ hanyuma bamuhamba mu mva yiwe. Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya, bamurobanuza amavuta, bamugira umwami mu kibanza ca se.

  • Zakariya 12:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuri uwo musi, ukuboroga i Yeruzalemu kuzoba ugukomeye, nka kwa kuboroga kw’i Hadadirimoni mu kiyaya c’umubande ca Megido+.

  • Ivyahishuwe 16:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abakoraniriza hamwe ahantu hitwa Haru–Magedoni*+ mu giheburayo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika