21 Sauli aca arishura, ati: “Mbega sindi Umubenyamini wo mu muryango mutoyi+ hanyuma y’iyindi mu miryango ya Isirayeli+? Kandi umuryango wanje si umuryango ata co uvuze kuruta iyindi mu miryango yose igize umuryango wa Benyamini+? Ni kubera iki none umbwiye ikintu nk’ico+?”