ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 31:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yehova rero abwira Musa ati: “Ehe ugira uryame hamwe na ba sogokuruza bawe+; kandi aba bantu ntibazobura guhaguruka+ bagashurashura n’imana z’inyamahanga z’igihugu bariko barajamwo+, hagati yabo nyene, kandi bazonta koko+ barenge kw’isezerano ryanje nagiranye na bo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Aho Yeshuruni*+ atanguriye kudoha, ni ho yaciye atera imigere+.

      Waradoshe, warakakamye, waradigamwe+.

      Yaciye aheba Imana, ari yo yamuremye+

      Asuzugura Igitandara+ c’ubukiriro bwiwe.

  • Abacamanza 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nuko bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+ no gukorera za Bayali+.

  • 2 Samweli 20:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kandi ng’aho hari umugabo w’imburakimazi+ yitwa Sheba+, mwene Bikiri Umubenyamini; atangura kuvuza inzamba+ maze avuga ati: “Nta muturi dufise muri Dawidi, kandi nta ntoranwa dufise muri mwene Yese+. Umwe wese ku mana ziwe+, ewe Isirayeli!”

  • Nehemiya 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Ariko baragambaraye+, barakugarariza+, baguma bashiburira itegeko ryawe inyuma yabo+, kandi bica abahanuzi bawe+ bashinze intahe babagiriza kugira babagarukane kuri wewe+; babandanya gukora ibikorwa vy’akagaye gakomeye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika