3 Mugabo Dawidi yongerako indahiro+ ati: “So arazi neza yuko nagize ubutoni mu maso yawe+, akaba azovuga rero ati: ‘Yonatani ntabimenye kugira ntababare.’ Ariko mu vy’ukuri, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ n’ukubaho kwawe+, hari nk’intambuko imwe gusa hagati yanje n’urupfu+!”