Zaburi 52:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amarushwa ni yo mugambi ururimi rwawe rutegura, rukarihije nk’urumosho+,Rugakorana ubuhendanyi+. Zaburi 119:118 Bibiliya y’isi nshasha 118 Washibuye abo bose bazimira bakava ku ngingo nyobozi zawe+;Kuko amayeri yabo ari ibinyoma gusa+. Abanyefeso 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 kugira ngo ntidusubire kuba inzoya, nk’abazungazungishwa+ n’ibisebuzi tujanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri+ y’abantu, biciye ku rwenge mu kurementanya uruhendo.
14 kugira ngo ntidusubire kuba inzoya, nk’abazungazungishwa+ n’ibisebuzi tujanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri+ y’abantu, biciye ku rwenge mu kurementanya uruhendo.