15 “Ububisha bwabo bwose bwari i Gilugali+, kuko aho ari ho vyabaye ngombwa ko ndabankira+. Kubera ububi bw’ibikorwa vyabo nzobirukana mu nzu yanje+. Sinzobandanya kubakunda+. Abaganwa babo bose ni intagondwa+.
16 Kuko yanse ukwahukana+,” ni ko Yehova ya Mana ya Isirayeli avuze, “akanka n’uwujuje impuzu yiwe ubukazi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Mutegerezwa kwirinda ku bijanye n’agatima mufise, kandi mutegerezwa kudahemuka+.