ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Inyuma y’ivyo Kayini abwira Abeli mwene wabo ati: “Tugende mu gahinga.” Nuko bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli mwene wabo, aramwica+.

  • 1 Samweli 22:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino.

  • Matayo 23:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Ku bw’ico, raba ngira ndabatumeko+ abahanuzi n’abantu b’inkerebutsi be n’abigisha b’abantu+. Bamwe muri bo muzobica+, mubamanike, abandi na bo mubashishagurire+ mu masinagogi yanyu, mubahame mu gisagara no mu kindi;

  • Yohani 16:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Abantu bazobaca mw’isinagogi+. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda+.

  • 1 Petero 4:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Bakundwa, ntimuzazanirwe n’umuriro waka muri mwebwe, uwuriko ubashikira ku bw’ukugeragezwa+, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu c’akatabonetse.

  • 1 Petero 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mugabo, mumaze kubabazwa akanya gatoya+, ya Mana y’ubuntu ata wari abukwiriye bwose, imwe yabahamagarira ubuninahazwa bwayo bw’ibihe bidahera+ mu bumwe+ na Kristu, ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu, ibashikamishe+, ibakomeze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika