5 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: igihe umwimbuzi azoba ariko aregeranya intete zihagaze, n’ukuboko kwiwe kukimbura amahundo y’intete+, azocika nk’uwutorora* amahundo y’intete mu kiyaya co hasi ca Refayimu+.
7Ndagowe+, kuko nsigaye meze nk’igihe bamaze gusarura ivyamwa vyo mu ci, nk’udutororwa two mw’isarura ry’inzabibu+! Nta musoko w’inzabibu wo kurya uriho, eka nta nsukoni ya kare iriho umutima wanje wokwipfuza+!