ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Iyo Yehova nyen’ingabo* ubwiwe ataba yaradusigarije abarokotse bakeyi+, tuba twaracitse nka Sodomu, tuba twarabaye nka Gomora ubwayo+.

  • Yesaya 17:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: igihe umwimbuzi azoba ariko aregeranya intete zihagaze, n’ukuboko kwiwe kukimbura amahundo y’intete+, azocika nk’uwutorora* amahundo y’intete mu kiyaya co hasi ca Refayimu+.

  • Yeremiya 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Amasigarira ya Isirayeli bazoyatorora* nk’umuzabibu+. Subira utume ukuboko kwawe nk’uwamura inzabibu ku dushami tw’umuzabibu.”

  • Ezekiyeli 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+.

  • Mika 7:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ndagowe+, kuko nsigaye meze nk’igihe bamaze gusarura ivyamwa vyo mu ci, nk’udutororwa two mw’isarura ry’inzabibu+! Nta musoko w’inzabibu wo kurya uriho, eka nta nsukoni ya kare iriho umutima wanje wokwipfuza+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika