Zaburi 118:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+.Nzoyinjiramwo; nzohaya Ya+. Zaburi 118:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Iri ni ryo rembo rya Yehova+.Abagororotsi ni bo bazoryinjiramwo+. Yesaya 60:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Kandi amarembo yawe azoguma yuguruye nantaryo+; ntazokwugarwa haba ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo uzanirwe amatunga y’amahanga+, kandi abami babo ni bo bazoba bari imbere+. Yesaya 62:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Sohoke, sohokane mu marembo! Nimutunganye inzira y’abantu+. Nimutsindagire, nimutsindagire inzira y’ikirari. Nimuyikuremwo amabuye+. Nimudugirize ikimenyetso ibisata vy’abantu+. Matayo 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora+. Ivyahishuwe 22:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.
11 “Kandi amarembo yawe azoguma yuguruye nantaryo+; ntazokwugarwa haba ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo uzanirwe amatunga y’amahanga+, kandi abami babo ni bo bazoba bari imbere+.
10 Sohoke, sohokane mu marembo! Nimutunganye inzira y’abantu+. Nimutsindagire, nimutsindagire inzira y’ikirari. Nimuyikuremwo amabuye+. Nimudugirize ikimenyetso ibisata vy’abantu+.
14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.