Yesaya 25:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze. Mariko 12:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+’? Yohani 11:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Marita amubwira ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka+ ku musi wa nyuma.” Yohani 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Yezu amubwira ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima+. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima+; 1 Abakorinto 15:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kubera ko urupfu+ rwazananye ku muntu, n’izuka+ ry’abapfuye ryazananye ku muntu. 1 Abatesalonika 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu muri Yezu na bo nyene Imana izobazanana na we+.
8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.
26 Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+’?
14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu muri Yezu na bo nyene Imana izobazanana na we+.