ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 77:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Mbega Yehova azoguma ashibura gushika igihe kitagira urugero+,

      Ntiyongere gushimishwa+?

  • Yesaya 49:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo: “Yehova yarampevye+, Yehova ubwiwe yaranyibagiye+.”

  • Yesaya 60:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “Aho kuba uwahebwe buhere be n’uwanswe, aho ata n’umwe arengana+, nzokugira koko ikintu co kwishimira gushika igihe kitagira urugero, nkugire umwigino uko iyaruka rikurikira irindi+.

  • Ezekiyeli 37:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ku bijanye n’aya magufa, ni inzu ya Isirayeli yose uko ingana+. Ehe bavuga ngo: ‘Amagufa yacu yarumye, n’icizigiro cacu carazimanganye+. Twaratandukanijwe n’abandi dusigara ukwacu.’

  • Abaroma 11:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Ntibikabe! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli+, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika