ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu.

  • Abacamanza 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nuko asubiza nyina nya bice igihumbi n’ijana vy’ifeza+; nyina abandanya kuvuga ati: “Emwe, ntegerezwa kwereza Yehova izi feza zivuye mu kuboko kwanje ku bw’umuhungu wanje, kugira ngo hakorwe igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; ubu rero ngira ndazigusubize.”

  • Abacamanza 18:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Inyuma y’ivyo, bene Dani bishingira igishusho c’ikibazano+; Yonatani+ mwene Gerishomu+, Gerishomu wa Musa, we n’abahungu biwe baba abaherezi b’umuryango w’Abadani gushika umusi ico gihugu cajanwa mu bunyagano+.

  • 2 Abami 21:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Vyongeye, igishusho c’ikibazano+ c’igikingi ceranda yari yarakoze, agishira mu nzu+ Yehova yari yarabwiye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe ku biyerekeye ati: “Muri iyi nzu be n’i Yeruzalemu, aho natoye mu miryango yose ya Isirayeli, nzohashira izina ryanje gushika igihe kitagira urugero+.

  • Nahumu 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi Yehova yategetse ku bikwerekeye ati: ‘Nta citirirwa izina ryawe kizosubira kubibwa+. Nzorandura mu nzu y’imana zawe igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+. Nzogutegurira imva+, kuko ata co wamaze.’

  • Habakuki 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika