ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi+.

  • Abalewi 26:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu.

  • Gusubira mu vyagezwe 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 maze akagenda agasenga izindi mana kandi akazunamira, canke akunamira izuba canke ukwezi canke ingabo zose zo mu majuru+, ikintu ntategetse+,

  • Gusubira mu vyagezwe 27:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “‘Aravumwe umuntu akora igishusho c’ikibazano+ canke igishushanyo mu cuma gishongeshejwe+, ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, ikintu gikozwe n’amaboko y’umuhinguzi w’ibiti n’ivyuma+, akagishira ahihishije.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen+!’)

  • Abacamanza 17:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mugabo asubiza nyina izo feza, maze nyina afata ibice amajana abiri vy’ifeza, abiha umucuzi w’ifeza+. Uno akora igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; nuko biba mu nzu ya Mika.

  • Abacamanza 18:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko nya bagabo batanu binjira mu nzu ya Mika maze batora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi na ya terafimu na ca gishusho co mu cuma gishongeshejwe+. Nya muherezi+ ababwira ati: “Ivyo mugira ni ibiki?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika