10 Nuko Loti yunamura amaso maze abona Intara ya Yorodani+ yose gushika i Zowari+, yuko yose yari akarere kavomerewe neza (aho hakaba hari imbere y’uko Yehova ahonya Sodomu na Gomora), nka wa murima wa Yehova+, nk’igihugu ca Misiri.
8 Ayandi masederi ntaho yari ahwaniye na ryo mu murima w’Imana+. Nayo ibiti vy’imiberoshi, ntaho vyasa na ryo ku bijanye n’amashami yaryo. N’ibiti vy’imyarumoni ntaho vyasa na ryo uravye amasango. Nta kindi giti mu murima w’Imana casa na ryo mu bwiza bwaryo+.