ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 29:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Mbega ntihasigaye akanya gato cane Libani igahindurwa umurima w’ivyamwa+, nya murima w’ivyamwa na wo ugafatwa nk’ikibira+?

  • Yesaya 32:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 gushika dusutsweko impwemu ivuye iyo hejuru+, n’agahinga kakazoba kacitse umurima w’ivyamwa, na nya murima w’ivyamwa ugafatwa nk’ikibira nyaco+.

  • Yesaya 35:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri*+, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze+. Kuko mu gahinga amazi azoba yadudubije, n’inzuzi z’isumo mu kiyaya c’ubugaragwa.

  • Yesaya 51:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko Yehova atazobura guhoza Siyoni+. Ata gukeka azohoza ibibanza vyaho vyose vyatikijwe+, agahinga kaho akagire nka Edeni+, ikiyaya c’ubugaragwa caho na co nk’umurima wa Yehova+. Umwigino n’umunezero ni ho bizosangwa, ugukenguruka n’ijwi ry’agahibongozo+.

  • Ezekiyeli 36:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Kandi abantu ntibazobura kuvuga bati: “Kiriya gihugu cari casizwe ari umusaka gisigaye kimeze nka wa murima wa Edeni+, nayo ibisagara vyari vyabaye igiharabuga, bigasigwa ari umusaka, bigasamburwa, ubu bikingijwe ibihome; bisigaye bibamwo abantu+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika