Kuvayo 15:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+. Abacamanza 11:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise. Zaburi 149:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nibashemeze izina ryiwe batamba+.Nibamuhibongoreze bavuza akagoma n’inanga+. Yeremiya 30:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Muri vyo hazova koko ugukenguruka, be n’ijwi ry’abatwenga+. Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+; nzobagira igifyo, ntibazoba abakengeretse+.
20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+.
34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise.
19 Muri vyo hazova koko ugukenguruka, be n’ijwi ry’abatwenga+. Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+; nzobagira igifyo, ntibazoba abakengeretse+.