ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Umuvyimba wawe uzocika ivyo kurya vy’ibiguruka vyose vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, ata n’umwe abijugumiza+.

  • 1 Abami 14:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Uwo mu nzu ya Yerobowamu azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya+; uwuzopfira mu gahinga na we, ibiguruka vyo mu kirere bizomurya+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.”’

  • Zaburi 79:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Yatanze umuvyimba w’abasavyi bawe ngo ube indya z’ibiguruka vyo mu kirere+,

      Inyama z’intahemuka zawe aziha ibikoko vyo kw’isi+.

  • Yeremiya 7:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Imivyimba y’aba bantu izoba koko indya z’ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’iz’ibikoko vyo kw’isi, ata n’umwe abijugumiza+.

  • Yeremiya 16:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 ‘Bazokwicwa n’indwara+. Ntibazoborogerwa+ canke ngo bahambwe+. Bazoba nk’intabire ku butaka+; bazomarwa n’inkota n’ikigoyi+, kandi imivyimba yabo izoba koko indya z’ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+.’

  • Yeremiya 19:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nzohindura ubusa inama ya Yuda n’iya Yeruzalemu aha hantu+, kandi nzotuma bagwishwa n’inkota imbere y’abansi babo bongere bagwishwe n’ukuboko kw’abarondera ubuzima bwabo+. Imivyimba yabo nzoyiha ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, ibe indya zavyo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika