12 Aca amanuka ku nzu y’umwami, ku cumba c’uburiro c’umunyamabanga, asanga abaganwa bose bicayeyo, ari bo Elishama+ umunyamabanga, na Delaya+ mwene Shemaya, na Elinatani+ mwene Akibori+, na Gemariya+ mwene Shafani+, na Zedekiya mwene Hananiya n’abandi baganwa bose.