Gusubira mu vyagezwe 32:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’ Zaburi 94:1 Bibiliya y’isi nshasha 94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+! Yesaya 34:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kuko Yehova afise umusi w’ukwihora+, umwaka wo gutanga agahembo ku bijanye n’urubanza rwa Siyoni+. Yeremiya 50:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 “Nimutumeko abarashi bo gutera Babiloni, abahonyora umuheto bose+. Nimukambike irya n’ino kugira mumutere. Ntihagire abacoroka+. Mumwishure ibihwanye n’igikorwa ciwe+. Mumugirire nk’uko ivyo yakoze vyose biri+. Kuko bitaye imbere mu kurwanya Yehova, mu kurwanya wa Mweranda wa Isirayeli+. 2 Abatesalonika 1:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+, Ivyahishuwe 18:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru+, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo+.
35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’
29 “Nimutumeko abarashi bo gutera Babiloni, abahonyora umuheto bose+. Nimukambike irya n’ino kugira mumutere. Ntihagire abacoroka+. Mumwishure ibihwanye n’igikorwa ciwe+. Mumugirire nk’uko ivyo yakoze vyose biri+. Kuko bitaye imbere mu kurwanya Yehova, mu kurwanya wa Mweranda wa Isirayeli+.
5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru+, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo+.