ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.

      Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,

      Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+

      Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’

  • Zaburi 94:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,

      Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+!

  • Yesaya 34:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kuko Yehova afise umusi w’ukwihora+, umwaka wo gutanga agahembo ku bijanye n’urubanza rwa Siyoni+.

  • Yeremiya 50:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “Nimutumeko abarashi bo gutera Babiloni, abahonyora umuheto bose+. Nimukambike irya n’ino kugira mumutere. Ntihagire abacoroka+. Mumwishure ibihwanye n’igikorwa ciwe+. Mumugirire nk’uko ivyo yakoze vyose biri+. Kuko bitaye imbere mu kurwanya Yehova, mu kurwanya wa Mweranda wa Isirayeli+.

  • 2 Abatesalonika 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+,

  • Ivyahishuwe 18:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru+, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika