2 Abami 24:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, yisunze ivyo Yehoyakimu yari yarakoze vyose+. 2 Ngoma 36:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova Imana yiwe. Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yeremiya+ umuhanuzi+, uwavuze abitegetswe na Yehova. 2 Ngoma 36:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli.
12 Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova Imana yiwe. Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yeremiya+ umuhanuzi+, uwavuze abitegetswe na Yehova.
13 Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli.