Imigani 17:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+. Imigani 24:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe+, Ezekiyeli 26:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 “Mwana w’umuntu, ko Tiro+ yavuze kuri Yeruzalemu ngo+: ‘Ahaa! Yasenyuwe+, umwe yari inzugi z’ibisata vy’abantu+! Ibintu ntibizobura guhindukirira iwanje. Ngiye kwuzuzwa; erega yatikijwe+,’ Ezekiyeli 35:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 “Mwana w’umuntu, rabisha mu maso hawe+ ku karere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi buhagiriza+. Ezekiyeli 35:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova numvise ivy’ukutubaha vyose wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli+, ngo: “Yagizwe umusaka. Twayihawe ngo itubere ibifungurwa+.”
5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+.
2 “Mwana w’umuntu, ko Tiro+ yavuze kuri Yeruzalemu ngo+: ‘Ahaa! Yasenyuwe+, umwe yari inzugi z’ibisata vy’abantu+! Ibintu ntibizobura guhindukirira iwanje. Ngiye kwuzuzwa; erega yatikijwe+,’
2 “Mwana w’umuntu, rabisha mu maso hawe+ ku karere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi buhagiriza+.
12 Kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova numvise ivy’ukutubaha vyose wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli+, ngo: “Yagizwe umusaka. Twayihawe ngo itubere ibifungurwa+.”