ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nzoreka rero umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi azoboma inyuma koko, nanje nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare+; kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.” Nuko bagira ivyo nyene.

  • Yesaya 37:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, dukize mu kuboko kwiwe+, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”

  • Ezekiyeli 36:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 ‘Kandi sinzobura kweza izina ryanje rihambaye+ ryariko rihumanywa mu mahanga, iryo mwahumanije hagati muri yo; kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ninezwa muri mwebwe mu maso yabo+.

  • Ezekiyeli 38:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kandi ntuzobura kuduga gutera igisata canje Isirayeli, nk’ibicu bipfuka igihugu+. Bizoba mu kiringo ca nyuma c’imisi, kandi nzokuzana koko gutera igihugu canje+, kugira ngo amahanga amenye jewe, niniyereza muri wewe mu maso yabo, ewe Gogi+!”’

  • Malaki 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Kuko kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera*, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+, kandi ahantu hose bazohafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+, bashikirize ishikanwa ku bw’izina ryanje, emwe, ituro ridahumanye+; kuko izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika