ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nzoreka rero umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi azoboma inyuma koko, nanje nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare+; kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.” Nuko bagira ivyo nyene.

  • 2 Abami 19:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”

  • Zaburi 83:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+,

      Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.

  • Zaburi 148:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi azoshira hejuru ihembe ry’abantu biwe+,

      Ishemezo ry’intahemuka ziwe zose+,

      Rya bene Isirayeli, abantu bari hafi yiwe+.

      Shemeze Ya+!

  • Ezekiyeli 36:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 ‘Kandi sinzobura kweza izina ryanje rihambaye+ ryariko rihumanywa mu mahanga, iryo mwahumanije hagati muri yo; kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ninezwa muri mwebwe mu maso yabo+.

  • Ezekiyeli 39:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “‘Nzoshira ubuninahazwa bwanje mu mahanga; kandi amahanga yose azobwirizwa kubona urubanza rwanje nzoba nashikije+, be n’ukuboko kwanje nzoba nashize muri yo+.

  • Matayo 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nuko rero musenge mutya+:

      “‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe+ niryezwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika