Guharura 18:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Yehova abandanya kubwira Aroni ati: “Ntuzogira intoranwa mu gihugu cabo; kandi nta muturi uzoronka hagati muri bo+. Ni jewe muturi wawe n’intoranwa yawe hagati muri bene Isirayeli+. Gusubira mu vyagezwe 10:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni co gituma Lewi ataronse umuturi n’intoranwa+ kumwe na bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe, nk’uko Yehova Imana yawe yari yaramubwiye+. Gusubira mu vyagezwe 18:1 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Nta muturi canke intoranwa muri Isirayeli bikwiye kwegukira abaherezi, Abalewi, umuryango wose wa Lewi+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro ya Yehova, mbere intoranwa yiwe, ni yo bakwiye kurya+. Yosuwa 13:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa atahaye intoranwa+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro+ ya Yehova Imana ya Isirayeli ni yo ntoranwa yabo+, nk’uko nyene yabasezeraniye+. Yosuwa 13:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Mugabo umuryango w’Abalewi Musa ntiyawuhaye intoranwa+. Yehova Imana ya Isirayeli ni we ntoranwa yabo, nk’uko nyene yabasezeraniye+. Ezekiyeli 45:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Uzoba umugabane mweranda ukuwe ku gihugu ugenewe abaherezi+, abasuku b’aheranda, abegēra kugira ngo bakorere Yehova+. Hazobabera ikibanza c’amazu, be n’ikibanza ceranda kigenewe aheranda.
20 Yehova abandanya kubwira Aroni ati: “Ntuzogira intoranwa mu gihugu cabo; kandi nta muturi uzoronka hagati muri bo+. Ni jewe muturi wawe n’intoranwa yawe hagati muri bene Isirayeli+.
9 Ni co gituma Lewi ataronse umuturi n’intoranwa+ kumwe na bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe, nk’uko Yehova Imana yawe yari yaramubwiye+.
18 “Nta muturi canke intoranwa muri Isirayeli bikwiye kwegukira abaherezi, Abalewi, umuryango wose wa Lewi+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro ya Yehova, mbere intoranwa yiwe, ni yo bakwiye kurya+.
14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa atahaye intoranwa+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro+ ya Yehova Imana ya Isirayeli ni yo ntoranwa yabo+, nk’uko nyene yabasezeraniye+.
33 Mugabo umuryango w’Abalewi Musa ntiyawuhaye intoranwa+. Yehova Imana ya Isirayeli ni we ntoranwa yabo, nk’uko nyene yabasezeraniye+.
4 Uzoba umugabane mweranda ukuwe ku gihugu ugenewe abaherezi+, abasuku b’aheranda, abegēra kugira ngo bakorere Yehova+. Hazobabera ikibanza c’amazu, be n’ikibanza ceranda kigenewe aheranda.