ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 22:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Kubera iki indogobwa yawe wayikubise izo ncuro zitatu zose? Ehe jewe, jewe nasohotse kukuzibira, kuko inzira yawe yahurudukiye kurwanya ukugomba kwanje+.

  • Gusubira mu vyagezwe 33:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nuko atangura kuvuga ati:

      “Yehova yaje ava i Sinayi+,

      Yabarabirijeko ari i Seyiri+.

      Yasayanganye ari mu misozi y’i Parani+,

      Kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi mirongo+,

      Iburyo bwiwe hakaba abarwanyi babo+.

  • Zaburi 89:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;

      Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+.

  • Daniyeli 4:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “‘Nabandanije kwitegereza mu vyo nerekewe mu mutwe ku gitanda canje, maze ehe inderetsi+, emwe, umweranda+, imanuka ivuye mu majuru.

  • Daniyeli 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Maze numva umweranda umwe+ avuga, uwundi mweranda na we abwira umwe yariko aravuga, ati: “Mbega iryo yerekwa ryerekeye ikimazi c’ubudasiba+ be n’ukugabitanya guteza ubugesera rizogeza ryari+, ha hantu heranda be na za ngabo bikagirwa ivyo guhonyangwa+?”

  • Matayo 18:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo+ mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru+.

  • Ivyakozwe 10:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nko kw’isaha y’icenda+ y’umusi, abona neza mw’iyerekwa+ umumarayika+ w’Imana aza kuri we akamubwira ati: “Koruneliyo!”

  • Ivyakozwe 12:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika