Guharura 22:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Kubera iki indogobwa yawe wayikubise izo ncuro zitatu zose? Ehe jewe, jewe nasohotse kukuzibira, kuko inzira yawe yahurudukiye kurwanya ukugomba kwanje+. Gusubira mu vyagezwe 33:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko atangura kuvuga ati:“Yehova yaje ava i Sinayi+,Yabarabirijeko ari i Seyiri+.Yasayanganye ari mu misozi y’i Parani+,Kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi mirongo+,Iburyo bwiwe hakaba abarwanyi babo+. Zaburi 89:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+. Daniyeli 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “‘Nabandanije kwitegereza mu vyo nerekewe mu mutwe ku gitanda canje, maze ehe inderetsi+, emwe, umweranda+, imanuka ivuye mu majuru. Daniyeli 8:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Maze numva umweranda umwe+ avuga, uwundi mweranda na we abwira umwe yariko aravuga, ati: “Mbega iryo yerekwa ryerekeye ikimazi c’ubudasiba+ be n’ukugabitanya guteza ubugesera rizogeza ryari+, ha hantu heranda be na za ngabo bikagirwa ivyo guhonyangwa+?” Matayo 18:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo+ mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru+. Ivyakozwe 10:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nko kw’isaha y’icenda+ y’umusi, abona neza mw’iyerekwa+ umumarayika+ w’Imana aza kuri we akamubwira ati: “Koruneliyo!” Ivyakozwe 12:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.
32 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Kubera iki indogobwa yawe wayikubise izo ncuro zitatu zose? Ehe jewe, jewe nasohotse kukuzibira, kuko inzira yawe yahurudukiye kurwanya ukugomba kwanje+.
2 Nuko atangura kuvuga ati:“Yehova yaje ava i Sinayi+,Yabarabirijeko ari i Seyiri+.Yasayanganye ari mu misozi y’i Parani+,Kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi mirongo+,Iburyo bwiwe hakaba abarwanyi babo+.
7 Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+.
13 “‘Nabandanije kwitegereza mu vyo nerekewe mu mutwe ku gitanda canje, maze ehe inderetsi+, emwe, umweranda+, imanuka ivuye mu majuru.
13 Maze numva umweranda umwe+ avuga, uwundi mweranda na we abwira umwe yariko aravuga, ati: “Mbega iryo yerekwa ryerekeye ikimazi c’ubudasiba+ be n’ukugabitanya guteza ubugesera rizogeza ryari+, ha hantu heranda be na za ngabo bikagirwa ivyo guhonyangwa+?”
10 Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo+ mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru+.
3 Nko kw’isaha y’icenda+ y’umusi, abona neza mw’iyerekwa+ umumarayika+ w’Imana aza kuri we akamubwira ati: “Koruneliyo!”
23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.