Ezira 8:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Maze ng’aho ku ruzi Ahava ntangaza ko haba ukwisonzesha, kugira twicishe bugufi+ imbere y’Imana yacu, ngo tuyibaze inzira ibereye+ twojana twe n’abana bacu batoyi+ n’ibintu vyacu vyose. Esiteri 4:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kandi mu ntara z’ubutware zitandukanye zose+, ahantu hose ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyashika, haba ukugandara+ gukomeye mu Bayuda, n’ukwisonzesha+ n’amarira n’amaborogo. Nuko benshi basanza amagunira+ n’iminyota+ ngo bibabere uburiri. Zaburi 35:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nayo jewe, igihe bari barwaye, icambarwa canje ryari igunira+;Nibabarisha ukwisonzesha+,Isengesho ryanje rikagaruka ku gikiriza canje+. Zaburi 69:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Natanguye kurira hariko n’ukwisonzesha kwanje+,Mugabo vyamviriyemwo iceyi+. Ezekiyeli 27:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Bazokwiharanguza kubera wewe+, bakenyere amagunira+, bakuririre badundumiwe mu mutima+, baboroge bimwe bibi.
21 Maze ng’aho ku ruzi Ahava ntangaza ko haba ukwisonzesha, kugira twicishe bugufi+ imbere y’Imana yacu, ngo tuyibaze inzira ibereye+ twojana twe n’abana bacu batoyi+ n’ibintu vyacu vyose.
3 Kandi mu ntara z’ubutware zitandukanye zose+, ahantu hose ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyashika, haba ukugandara+ gukomeye mu Bayuda, n’ukwisonzesha+ n’amarira n’amaborogo. Nuko benshi basanza amagunira+ n’iminyota+ ngo bibabere uburiri.
13 Nayo jewe, igihe bari barwaye, icambarwa canje ryari igunira+;Nibabarisha ukwisonzesha+,Isengesho ryanje rikagaruka ku gikiriza canje+.
31 Bazokwiharanguza kubera wewe+, bakenyere amagunira+, bakuririre badundumiwe mu mutima+, baboroge bimwe bibi.