Zaburi 12:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Baguma babwirana ivy’ububeshi+;Baguma bavugisha akanwa gasosa+, n’imitima ibiri+. Zaburi 58:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ababisha bagoramye kuva bakiri mu gitereko+;Bayerereye kuva bakiri mu nda;Bavuga ibinyoma+. Zaburi 64:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Bumira ku mvugo mbi+;Bavuga ivyo kunyegeza imitego+.Bavuze ngo: “Ni nde ayibona+?” Imigani 12:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ivyiyumviro vy’abagororotsi ni ubutungane+; ukuyobora kw’ababisha ni ubuhendanyi+. Imigani 12:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ubuhendanyi buri mu mutima w’abategura gukora ikibi+, ariko abaremesha amahoro bagira umunezero+. Imigani 26:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kurya kw’ifeza ihometse ku rujo, ni ko iminwa icacanya hamwe n’umutima mubi bimera+. 1 Timoteyo 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 bivuye ku bwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, mw’ijwi ryabo ryo mu mutima+ bakaba bameze nk’abokeshejwe icuma kirungurije;
2 bivuye ku bwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, mw’ijwi ryabo ryo mu mutima+ bakaba bameze nk’abokeshejwe icuma kirungurije;