Matayo 10:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Egome, bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami+ babampora, kugira bibe intahe+ kuri bo no ku mahanga. Matayo 24:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Maze bazobashira mu makuba+, babice+, kandi muzokwankwa+ n’amahanga yose muhorwa izina ryanje+. Yohani 16:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Abantu bazobaca mw’isinagogi+. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda+. Ivyahishuwe 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntutinye ibigira bigushikire+. Ehe Shetani*+ azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse+, no kugira ngo mugire amakuba+ imisi cumi. Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu+, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+. Ivyahishuwe 12:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu. Ivyahishuwe 16:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, nawe ubahaye amaraso+ ngo banywe. Barabikwiriye+.”
18 Egome, bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami+ babampora, kugira bibe intahe+ kuri bo no ku mahanga.
2 Abantu bazobaca mw’isinagogi+. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda+.
10 Ntutinye ibigira bigushikire+. Ehe Shetani*+ azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse+, no kugira ngo mugire amakuba+ imisi cumi. Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu+, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+.
17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.
6 kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, nawe ubahaye amaraso+ ngo banywe. Barabikwiriye+.”