6 Mu mwaka ugira icenda wa Hosheya, umwami wa Ashuri afata Samariya+ maze ajana Isirayeli mu bunyagano+ i Ashuri; abashira i Hala+ n’i Habori, iruhande y’uruzi Gozani+ no mu bisagara vy’Abamedi+ ngo babeyo.
10 Bahafata+ haheze imyaka itatu; mu mwaka ugira gatandatu wa Hezekiya, ni ukuvuga umwaka ugira icenda wa Hosheya umwami wa Isirayeli, Samariya irafatwa+.