ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ewe kuntu igisagara cari icizigirwa+ cacitse maraya+! Cari cuzuye ubutungane+; ubugororotsi ubwabwo bwahora buba muri co+, ariko ubu haba abicanyi+.

  • Yeremiya 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Biravugwa ngo: “Umugabo aramutse yirukanye umugore wiwe maze uno akavana koko na we hanyuma akaba uw’uwundi mugabo, mbega yoba agisubirana na nya mugore+?”

      Mbega ico gihugu nticahumanijwe rwose+?

      “Nawe wakoranye ubumaraya n’abagenzi benshi+; mbega wogaruka kuri jewe+?” ni ko Yehova avuze.

  • Ezekiyeli 16:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “‘Mugabo waciye utangura kwizigira ubwiza bwawe+, ucika umumaraya kubera izina ryawe+, utangura no gusuka ubumaraya bwawe ku wuhita wese+, biba rwiwe.

  • Ezekiyeli 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Nuko Ohola atangura kugira ubumaraya+, kandi ari je ndamugaba, aguma agirira inambu ikomeye abamukunda urukundo rukaze+, ayigirira Abashuri+, abari hafi,

  • Hoseya 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova yongera kumbwira ati: “Subira ugende, ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo+ kandi arenga ibigo, nk’uko Yehova akunda bene Isirayeli+ ariko bo bakitura izindi mana+ kandi bagakunda udutsima tw’inzabibu zumye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika