ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 15:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Puli+ umwami wa Ashuri+ yinjira mu gihugu. Nuko Menahemu aha+ Puli italanto igihumbi z’ifeza+, kugira ngo amufashe gukomeza ubwami mu kuboko kwiwe+.

  • 2 Abami 16:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko Ahazi atuma intumwa kuri Tigulati-pileseri+ umwami wa Ashuri ati: “Ndi umusuku wawe+ n’umuhungu wawe. Duga unkize+ mu kiganza c’umwami wa Siriya no mu kiganza c’umwami wa Isirayeli, abampagurukiye.”

  • 2 Abami 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ni we Shalumaneseri+ umwami wa Ashuri+ yaduze gutera, maze Hosheya aba umusuku wiwe hanyuma atangura kumuha ikibuguro+.

  • Yeremiya 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 None ubu inzira ya Misiri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya Shihori+? Kandi inzira ya Ashuri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya rwa Ruzi?

  • Yeremiya 2:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Kubera iki ubona ko guhindura inzira yawe ata co bivuze+? Misiri na yo nyene izotuma umaramara+, nk’uko Ashuri yatumye umaramara+.

  • Gucura intimba 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Misiri+ twayayiye amaboko+; twayiye amaboko Ashuri+ kugira duhage umukate.

  • Ezekiyeli 16:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “‘Waciye ugirana ubumaraya na bene Ashuri kubera utashira ipfa+, uguma ugirana ubumaraya na bo, ariko na ho nyene ntiwashira ipfa.

  • Hoseya 5:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Efurayimu yarabonye indwara yiwe, Yuda na we abona igisebe ciwe+. Nuko Efurayimu aja i Ashuri+, atuma intumwa ku mwami ahambaye+. Mugabo uno, mwebwe ntiyashoboye kubakiza+, kandi ntiyashoboye kubavura igisebe akoresheje umuti+.

  • Hoseya 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Efurayimu ameze nk’inuma y’igihwiji+ itagira umutima+. Bahamagaye Misiri+; bagiye muri Ashuri+.

  • Hoseya 8:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko baduze i Ashuri+, nk’imparage yigungiye ukwayo+. Nayo Efurayimu, yatanze impera ngo ironke abakunzi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika