7 Nuko Ahazi atuma intumwa kuri Tigulati-pileseri+ umwami wa Ashuri ati: “Ndi umusuku wawe+ n’umuhungu wawe. Duga unkize+ mu kiganza c’umwami wa Siriya no mu kiganza c’umwami wa Isirayeli, abampagurukiye.”
23 Atangura gushikanira ibimazi imana+ za Damasiko+ zariko zimukubita, akaguma avuga ati: “Kubera ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabatabara+, hinge ndazishikanire ibimazi kugira zintabare+.” Mugabo zino ziba ari zo zimubera igitsitaza, we na Isirayeli yose+.
18 None ubu inzira ya Misiri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya Shihori+? Kandi inzira ya Ashuri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya rwa Ruzi?