Gusubira mu vyagezwe 32:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganyeHakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze. Zaburi 106:45 Bibiliya y’isi nshasha 45 Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+,Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+. Hoseya 11:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu+? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli+? Noshobora nte kukugira nka Adima+? Noshobora nte kuguhindura nka Zeboyimu+? Umutima wanje wahindutse muri jewe+; muri ico gihe nyene impuhwe zanje zisigaye zishushe. Yona 3:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+. Yakobo 5:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.
36 Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganyeHakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze.
45 Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+,Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+.
8 “Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu+? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli+? Noshobora nte kukugira nka Adima+? Noshobora nte kuguhindura nka Zeboyimu+? Umutima wanje wahindutse muri jewe+; muri ico gihe nyene impuhwe zanje zisigaye zishushe.
10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.
16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.