ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+

      Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,

      Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganye

      Hakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze.

  • Zaburi 106:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+,

      Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+.

  • Hoseya 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu+? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli+? Noshobora nte kukugira nka Adima+? Noshobora nte kuguhindura nka Zeboyimu+? Umutima wanje wahindutse muri jewe+; muri ico gihe nyene impuhwe zanje zisigaye zishushe.

  • Yona 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.

  • Yakobo 5:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika