Umusiguzi 12:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+. Yesaya 26:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.” Amosi 9:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nibimba bakaja mu kuzimu*, ukuboko kwanje kuzobakurayo+; kandi nibaduga mu majuru, nzobamanurayo+. Abaheburayo 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kandi nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo+, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza+. Ivyahishuwe 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+.
14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+.
21 Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.”
13 Kandi nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo+, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza+.
23 Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+.