10 Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+.