ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 4:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Yuda+ na Isirayeli bibandanya kwiberaho mu mutekano+, umuntu wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti c’umusukoni+ ciwe, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, mu misi yose ya Salomo.

  • Yesaya 36:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ntimwumvirize Hezekiya; kuko umwami wa Ashuri avuze ati: “Nimwiyoroshe imbere yanje+, musohoke muze aho ndi, maze umwe wese arye ku muzabibu wiwe kandi umwe wese arye ku giti c’umusukoni ciwe+ kandi umwe wese anywe amazi yo mw’itangi ryiwe+,

  • Hoseya 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi, nzogirana isezerano n’igikoko co mu gahinga+ n’ikiremwa kiguruka co mu kirere n’igikwega inda hasi co ku butaka ku bwabo; kandi umuheto n’inkota n’intambara nzobivunagura ndabikure mu gihugu+, ntume baryama mu mutekano+.

  • Mika 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika