6 baca bamubwira bati: “Turakwinginze uvuge ngo Shiboleti+.” Na we yaca avuga ngo “Siboleti,” kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira ku vyambu vya Yorodani. Nuko ico gihe hagwa abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri bo muri Efurayimu+.