Mariko 3:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe+.” Yohani 14:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Yezu amwishura ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza+ ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda, kandi tuzoza kuri we tubane na we+. Yohani 15:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse+. Yohani 20:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu+ ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe+ ari we So, ku Mana yanje+ ari yo Mana yanyu+.’” Abaroma 8:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 kuko abo yitwararitse ubwa mbere+ yabageneye kandi imbere y’igihe+ gushushanywa+ n’ishusho+ y’Umwana wayo, kugira ngo abe imfura+ muri bene wabo benshi+. Abaheburayo 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko uwuriko areza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, kandi ico ni co gituma adaterwa isoni no kubita “bene wabo+,”
23 Yezu amwishura ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza+ ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda, kandi tuzoza kuri we tubane na we+.
17 Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu+ ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe+ ari we So, ku Mana yanje+ ari yo Mana yanyu+.’”
29 kuko abo yitwararitse ubwa mbere+ yabageneye kandi imbere y’igihe+ gushushanywa+ n’ishusho+ y’Umwana wayo, kugira ngo abe imfura+ muri bene wabo benshi+.
11 Kuko uwuriko areza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, kandi ico ni co gituma adaterwa isoni no kubita “bene wabo+,”