Matayo 9:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe+, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere+. Matayo 15:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Mugabo Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, hanyuma avuga+ ati: “Iri sinzi rinteye ikigongwe+, kuko imaze kuba imisi itatu turi kumwe bakaba batagira ico barya; nanje sinshaka kubarungika bashonje. Bohava bagwa mu nzira.” Mariko 1:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Bimutera ikigongwe+, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” Luka 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Umukama ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe+, amubwira ati: “Reka kurira+.” Abaheburayo 2:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ku bw’ico rero yabwirijwe gucika nka “bene wabo” mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana+, kugira ngo atange ikimazi c’impongano+ ku bw’ibicumuro vy’abantu+. Abaheburayo 5:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Arashoboye kugirira ibiri ku rugero abantu ata co bazi be n’abahuba kuko na we nyene akikujwe n’ubugoyagoye bwiwe bwite+,
36 Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe+, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere+.
32 Mugabo Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, hanyuma avuga+ ati: “Iri sinzi rinteye ikigongwe+, kuko imaze kuba imisi itatu turi kumwe bakaba batagira ico barya; nanje sinshaka kubarungika bashonje. Bohava bagwa mu nzira.”
17 Ku bw’ico rero yabwirijwe gucika nka “bene wabo” mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana+, kugira ngo atange ikimazi c’impongano+ ku bw’ibicumuro vy’abantu+.
2 Arashoboye kugirira ibiri ku rugero abantu ata co bazi be n’abahuba kuko na we nyene akikujwe n’ubugoyagoye bwiwe bwite+,