Yesaya 53:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+. Matayo 27:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Yamara ntihagira ico amwishura, habe n’ijambo rimwe, bituma buramatari atangara cane+. Yohani 19:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari abwira Yezu ati: “Uva hehe?” Mugabo Yezu ntiyamwishura+.
7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.