ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 107:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Hari abari babayeho mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,

      Imbohe ziri mu marushwa no mu vyuma+.

  • Yesaya 9:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Abantu bahora bagendera mu mwiza babonye umuco mwinshi+. Nayo ababa mu gihugu c’igitutu kizitanye+, umuco wabakayanganiyeko+.

  • Yesaya 49:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 kugira ngo imbohe zibwirwe ngo+: ‘Nimusohoke+!’, abari mu mwiza na bo ngo+: ‘Nimwiyerekane+!’ Iruhande y’amayira ni ho bazorisha, ku minyuro yose inoze+.

  • Yesaya 59:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ni co gituma ubutungane bwagiye kure yacu, n’ubugororotsi ntibuduhamvye. Tuguma twiteze umuco, mugabo ehe, tubona umwiza; tuguma twiteze ukwakaka, mugabo twagumye tugendera mu muzimagiza w’urudaca+.

  • Matayo 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 abantu bicaye mu mwiza+ barabonye umuco mwinshi+, nayo abicaye mu karere k’igitutu c’urupfu, umuco+ warabarasiye+.”

  • Ivyakozwe 26:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ngo uhumure amaso yabo+, ngo ubahindukize bave mu mwiza+ baje ku muco+, kandi ngo bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira ngo baronke ukubabarirwa ibicumuro+ be n’intoranwa+ mu bejejwe+ n’ukunyizera.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika