Matayo 6:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru+, aho ata dukoko canke ingese bikegeta+, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe. Matayo 19:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yezu amubwira ati: “Nimba ushaka gutungana, genda ugurishe ivyo utunze, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru+, maze uze unkurikire+.” Mariko 10:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yezu aramwitegereza yumva aramukunze, aca amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire+.” Luka 12:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Nimugurishe+ ibintu vyanyu, mufashe aboro+. Mwigirire amasaho adashira, ubutunzi butigera buhera mw’ijuru+, aho igisuma kitegera canke ngo udukoko dukegete. 1 Timoteyo 6:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 bibikire nk’ubutunzi+ ahatagira inkomanzi umushinge+ mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri+.
20 Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru+, aho ata dukoko canke ingese bikegeta+, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe.
21 Yezu amubwira ati: “Nimba ushaka gutungana, genda ugurishe ivyo utunze, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru+, maze uze unkurikire+.”
21 Yezu aramwitegereza yumva aramukunze, aca amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire+.”
33 Nimugurishe+ ibintu vyanyu, mufashe aboro+. Mwigirire amasaho adashira, ubutunzi butigera buhera mw’ijuru+, aho igisuma kitegera canke ngo udukoko dukegete.
19 bibikire nk’ubutunzi+ ahatagira inkomanzi umushinge+ mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri+.