ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 28:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Uruvyaro rwawe ruzoba koko nk’udutete tw’umukungugu wo kw’isi+, kandi ata gukeka uzokwiragira mu burengero no mu buseruko no mu buraruko no mu bumanuko+, kandi biciye kuri wewe, biciye no ku ruvyaro rwawe, imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro+.

  • Zaburi 107:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Akabegeraniriza hamwe abakuye mu bihugu+,

      Abakuye i burasirazuba n’i burengerazuba+,

      Abakuye mu buraruko no mu bumanuko+.

  • Yesaya 49:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Raba! Abo bazoza bavuye kure+, aba bave mu buraruko+ no mu burengero+, aba na bo mu gihugu ca Sinimu.”

  • Yesaya 59:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi bazotangura gutinya izina rya Yehova uhereye i burengerazuba+, batinye ubuninahazwa bwiwe uhereye i burasirazuba+, kuko azoza nk’uruzi ruteza amarushwa rujanywe n’impwemu ya Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika