ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ntuze ukurikire isinzi mu ntumbero mbi+; kandi mu matati, ntuze ushinge intahe ku buryo uhengamira hamwe n’isinzi, urondera kugoreka ubutungane+.

  • Daniyeli 9:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “Kandi azotuma iryo sezerano+ riguma rikora ku bwa benshi, kumara iyinga rimwe+; maze iryo yinga niryagera hagati, azotuma ikimazi n’ishikanwa bihagarara+.

      “Kandi umwe ateza ubugesera azoba ari kw’ibaba ry’ibisesemye+; icapfunditswe kizoguma kandi cisuka ku cagizwe umusaka, gushika ku gatikizo+.”

  • Matayo 27:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Maze abarekurira Baraba, mugabo akubitisha+ Yezu hanyuma aramutanga ngo amanikwe+.

  • Matayo 27:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Amaherezo, bamaze kumushinyaguriza+, bamwambura ca gikwemu, bamushirako impuzu ziwe zo hejuru, bamutwara kumumanika+.

  • Mariko 15:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Pilato, kugira ngo ashirire iryo sinzi aho rishaka+, abarekurira Baraba, hanyuma amaze gukubitisha Yezu, aramutanga ngo amanikwe+.

  • Luka 23:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nuko Pilato ashinga yuko ivyo basavye bishitswa+:

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika