Yobu 14:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,Ukangumiza mu mpisho gushika ishavu ryawe rihwamye,Ukanshingira igihe+ ugaheza ukanyibuka+! Yesaya 25:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze. Yesaya 26:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “Abapfuye bawe bazobaho+. Ikiziga canje—bazovyuka+. Ikangure mwihe akamo k’umunezero, yemwe ababa mu mukungugu+! Kuko ikime+ canyu ari nk’ikime c’uduti tw’imyora+, kandi isi izorekura barya ata co bashoboye mu rupfu bavuke+. Ivyahishuwe 20:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+.
13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,Ukangumiza mu mpisho gushika ishavu ryawe rihwamye,Ukanshingira igihe+ ugaheza ukanyibuka+!
8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.
19 “Abapfuye bawe bazobaho+. Ikiziga canje—bazovyuka+. Ikangure mwihe akamo k’umunezero, yemwe ababa mu mukungugu+! Kuko ikime+ canyu ari nk’ikime c’uduti tw’imyora+, kandi isi izorekura barya ata co bashoboye mu rupfu bavuke+.
12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+.