Matayo 15:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ivyinjira mu kanwa si vyo bihumanya umuntu; mugabo ibiva mu kanwa k’umuntu ni vyo bimuhumanya+.” Ivyakozwe 10:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 maze ababwira ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere+; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye+. Abaroma 14:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ndazi kandi naranyuzwe mu Mukama Yezu yuko ata kintu gihumanye ubwaco+; iyo gusa umuntu yiyumvira ko ikintu gihumanye, kuri we kiba gihumanye+. 1 Timoteyo 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nakare, ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta co gutabwa+ iyo cakiranywe ugukenguruka+, Tito 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye+ kandi batagira ukwizera+ nta kintu na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima+ birahumanye.
28 maze ababwira ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere+; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye+.
14 Ndazi kandi naranyuzwe mu Mukama Yezu yuko ata kintu gihumanye ubwaco+; iyo gusa umuntu yiyumvira ko ikintu gihumanye, kuri we kiba gihumanye+.
15 Vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye+ kandi batagira ukwizera+ nta kintu na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima+ birahumanye.