Zaburi
136 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
2 Nimukengurukire ya Mana iruta izindi mana+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwayo ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
3 Nimukengurukire wa Mukama w’abakama+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
4 Umwe akora ibintu vy’agatangaza bikomeye wenyene+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
5 Umwe yahingurana amajuru ugutegera+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
6 Umwe yasasa isi hejuru y’amazi+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
7 Umwe yakora vya bimuri bininibinini+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
8 Agakora izuba ngo riganze ku murango+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
9 Ukwezi n’inyenyeri ngo biganzire hamwe mw’ijoro+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
10 Umwe yakubita Misiri akaririka imfura zabo+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
11 Umwe yakura Isirayeli hagati yabo+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
12 Abakujeyo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero;
13 Umwe yatanya ikiyaga Gitukura+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
14 Agacisha Isirayeli hagati muri co+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
15 Agakunkumurira Farawo n’inteko ziwe za gisirikare mu kiyaga Gitukura+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
16 Umwe yacisha abantu biwe mu gahinga+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
17 Umwe yaririka abami bahambaye+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
19 Egome, Sihoni umwami w’Abamori+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
21 Agatanga igihugu cabo ngo kibe intoranwa+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
22 Intoranwa ihawe Isirayeli umusavyi wiwe+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
23 Akatwibuka mu bufafara bwacu+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
24 Akadushikura incuro n’izindi mu vyara vy’abarwanizi bacu+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
25 Umwe aha ibifungurwa ibiri n’umubiri vyose+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;
26 Nimukengurukire ya Mana y’amajuru+:
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwayo ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.