Yobu
8 Biludadi Umushuhi+ arishura ati:
2 “Uzogeza ryari kuguma uvuga ivyo bintu+,
Kandi amajambo y’akanwa kawe ari umuyaga ukomeye gusa+?
4 Nimba abahungu bawe ari bo bayicumuyeko,
Ku buryo ibareka umugararizo wabo ukabakora*,
5 Wewe ubwawe niwarondera Imana+,
Ugatakambira Mushoboravyose usaba ubutoni,
6 Nimba utyoroye kandi ukaba ugororotse+,
Ubu iba imaze kwikangura ngo igutabare
Ikagarura vy’ukuri ahantu uba h’ubugororotsi.
7 Mbere intango yawe ishobora kuba yabaye akantu gatoyi,
Mugabo iherezo ryawe mu nyuma ryoba rinini cane+.
10 None ubwabo wewe ntibazokwigisha, bakakubwira,
Kandi mu mutima wabo bagasokororayo amajambo?
13 Ni ko n’iminyuro y’abibagira Imana bose imera+,
Kandi n’icizigiro c’umuhuni kizozimangana+,
14 Umwe umwizero wiwe urandurwa,
Amizero yiwe akaba ari inzu y’igitangurirwa+.
15 Azokwegamira inzu yiwe, ariko ntizoguma ihagaze;
Azoyifata, ariko ntizoramba.
17 Imizi yiwe yisobanganya mu kirundo c’amabuye,
Akitegereza inzu y’amabuye.